Iyugururwa ry’Ishami rishasha ry’Ibanki y’Imigambi n’Iterambere ry’Abakenyezi i Bujumbura

Kuri uyu wagatatu, Igenekerezo rya 14/02/2024, Ibanki y’Imigambi n’Iterambere ry’Abakenyezi << BIDF sp>> mumpfunyampfunyo yaramutse yugurura Ishami ryayo rishasha mu Gisagara ca Bujumbura, iryo shami rikaba ryitwa BIDF IMFURA AGENCE.

Ibirori vyo kwugururura iryo shami rishasha bikaba vyari vyatewe iteka na Nyakubahwa  Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Angeline NDAYISHIMIYE.

Mw’ijambo nyamukuru yashikirije, Nyakubahwa Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu Angeline NDAYISHIMIYE, yashimiye Abayobozi bakuru biyo banki ndetse n’abo bakorana bose.

“Ni akanyemuneza kuba abakenyezi buguruye ishami IMFURA AGENCE i Bujumbura, ndakeje Umuyobozi mukuru wa banki y’Imigambi n’Iterambere ry’Abakenyezi n’abo bafatanya kurongora iyi banki, ku bikogwa bamaze gushikako. Turizera ko ibanki BIDF izoshika mu ntara zose,

Yabandije atera akamo abakenyezi bose kubandanya bijukira iyo banki kuko ibafitiye akamaro kanini mu buzima bwabo bwa misi yose.

“Ndateye akamo abakenyezi bijukire iyi banki y’Abakenyezi kuko yaje kubwabo.”

Yarangije ahamagarira abakenyezi kwijukira gukorera hamwe ndetse no kuja mu mashirahamwe (Coopératives) kugira bashobore kurangura imigambi yo kwitezimbere bitabagoye.

“Abakenyezi tuvire hasi rimwe tuje  Muma cooperative dukore imigambi kuko ibanki ni iyacu, Amahera n’ayacu ntaducike”.

Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka n’Abategetsi batandukanye harimwo Nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere ridakumira.

Mw’ijambo yashikirije yatanguye ashimira Nyenicubahiro Umutambukanyi w’Umukuru w’Iguhugu Angeline NDAYISHIMIYE kuba yaje gutera iteka abakenyezi mubirori vyo kugurura iryo shami rishasha i Bujumbura, agashima intambwe Ibanki y’Imigambi n’Iterambere ry’Abakenyezi << BIDF sp>> igezeko, akanakeza abayobozi bakuru bayo kuba buguruye ishami i Bujumbura aho rizofasha abanyagihugu basanzwe baba mu gisagara ca Bujumbura kwitura iyo banki bitabagoye kuko kare vyabasaba kubanza kuja i Gitega ahasanzwe hari icicaro gikuru c’iyo banki.

Mme Marie Salomé NDABAHARIYE, Umuyobozi Mukuru wa BIDF mw’ijambo  yashikirije yabanje gushimira mvy’imvamutima Nyenicubahiro Umukuru w’Iguhugu Evariste NDAYISHIMIYE we yasizeho iyo banki, yanakengerukiye abaje gushigikira ivyo birori ahereye ku Mutambukanyi w’Umukuru w’Iguhugu ari nawe yuguruye icese iryo shami, ndetse n’abandi bubahwa bari bateye iteka ivyo birori.

Akavuga ko ari intsinzi ku bakenyezi, akanabatera akamo ko kwijukira iyo banki kuko yaje ku bwabo, Yabandanije yizeza abanywanyi ba banki bo muzindi ntara ko nabo vuba bazoshikirwa aho bazoshobora kwitura iyo banki bitabagoye.

Uwaserukiye abanywanyi ba bank nawe yabanje gushimira Nyenicubahiro Umukuru w’Iguhugu yabahaye ibanki y’Abakenyezi, agashima iciyumviro c’Abarongozi kuba babegereje ibanki hafi, akanasaba ko no muzindi ntara bojamwo. Akaba yarangije ahimiriza abandi bakenyezi kwijukira iyo banki.

Tubibutse ko iyo banki ubu yuguruwe icese ndetse n’imirimo yayo ikaba ibandanya buri musi. Umunyagihugu wese aratewe akamo ku yitura kugira ashobore gishigikirwa kugira arangure imigambi yiwe bitamugoye.

Ushobora gushika ku cicero c’Ishami rishasha ry’iyo banki kiri mu gisagara ca Bujumbura, Rohero I, Avenue de la Révolution, No 49.

 

Related Posts

26

Mar
ACTUALITES, APPELS D'OFFRES, OFFRE

RECRUTEMENT D’UN CABINET POUR LA MISE EN PLACE D’UN SYSTEME DIGITAL POUR LA TRAÇABILITE ET LE SUIVI DES BENEFICIAIRES

PNUD Burundi désire recruter un cabinet pour la mise en place d’un système digital pour la traçabilité et le suivi des bénéficiaires référence UNDP-BDI-00198. Les fournisseurs intéressés doivent soumettre leur offre directement dans le système tel qu’indiqué dans le document d’appel d’offres, en suivant les instructions du guide de l’utilisateur disponible. si vous avez un compte, connectez-vous[…]